Papa Francis yiyamirije ibiyovyabwenge

Papa Francis ntiyihanganira ikoreshwa ry'ibiyovyabwenge Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Papa Francis ntiyihanganira ikoreshwa ry'ibiyovyabwenge

Papa Francis yiyamirije yivuye inyuma amategeko yemera ikoreshwa ry'ibiyovyabwenge bidakaze cane avuga ko ari ikibi kitokwihanganirwa.

Umwungere wa ekleziya Gatolika yabariye inama yiga ku mategeko agenga ibiyovyabwenga ibera i Roma, ko ibintu nk'ivyo biteye ikibazo ku rwego rw'amategeko, ngo kandi ntibitanga inyishu yipfuzwa.

Yavuze kandi ko kurwanya ikoreshwa ry'ibiyovyabwenge bitagomba kugirwa mu guha ababifata ibibisimbura nka methadone.

Ngo ikibazo co gufata ibiyovyabwenge ntigishobora gukemurwa no gufata ibindi biyovyabwenge.

Papa Francis kandi aramaze kwiyamiriza kenshi ikoreshwa ry'ibiyovyabwenge vyo kwinezereza.