U Rwanda ruvuga ko intumwa za Kongo zitavuze ko zije

Abahoze ari abarwanyi ba M23 bahungiye mu Rwanda
Image caption Abahoze ari abarwanyi ba M23 bahungiye mu Rwanda

Leta y'u Rwanda ivuga ko intumwa Kongo yarungitse kuraba ikibazo c'abahoze ari abarwanyi ba M23 zaje zitamenyesheje ko zije.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru uno munsi, umushikiranganji w'u Rwanda ajejwe imigenderanire, Louise Mushikiwabo, yavuze ko Kongo yavyitwayemo nabi.

Umupfasoni Mushikiwabo yavuze ko batabwiwe ikizanye izo ntumwa, igihe zaziye, kandi ngo zishika ntivyamenyekanye.

Ngo u Rwanda rwasavye Kongo kurungika intumwa zikazanana n'uwuserukiye ONU, zikavuga uwo zije kuraba, abo zishaka kubonana nabo hamwe n'igihe zizozira.

Bankiwe kwinjira

Mu ntango z'ino ndwi leta ya republika iharanira demokrasi ya Kongo yavuze ko intumwa zayo zari zigiye kuraba abahoze ari abarwanyi ba M23, zasubijwe inyuma zishitse ku rubibe rw'u Rwanda.

Ngo zari zizaniye abo bahoze ari abarwanyi impapuro zo kwuzuza kugira bahabwe imbabazi bashobore gusubira muri Kongo, nyuma yo gutsindwa ku rugamba.

Kongo ivuga ko ikibazo nk'ico kitagaragaye ku bahoze ari aba M23 bari mu nkambi muri Uganda, ngo abashika 300 bakaba bamaze guhabwa imbabazi.

Nyuma yo gutsindwa ku rugamba n'ingabo za Kongo zifashijwe n'iza ONU, abasirikare ba M23 bahungiye mu Rwanda no muri Uganda mu kwezi kw'icumi na rimwe mu mwaka uheze.