AMISOM yagabye ibitero kuri al-Shabab

  • 23 Ukwa gatandatu 2014
Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abasirikare ba Kenya bo mu muryango w'ubumwe bw'Afurika bacunga umutekano muri Somaliya, AMISOM

Indege z'intambara za Kenya zarashe ku byiciro by'intagondwa zo mu mutwe ugendera ku matwara y'idini rya Islam, al-Shabab.

Ibyo bitero by'indege byagabwe mu ntara ya Lower Juba, mu majyepfo ya Somaliya, biri mu mugambi w'ingabo z'Afurika (AMISOM) wo kurwanya izo ntagondwa.

Itangazo ryasohowe na AMISOM riravuga ko intagondwa 30 zapfuye, kandi ko imodoka nyinshi zononekariye mu gitero cy'imwe cy'indege, n'aho abandi 50 bagwa mu gitero cya kabiri.

Izi ngabo z’umuryango w'Ubumwe bwa Afurika zavuze ko zizakomeza kwotsa izi nyeshyamba igitutu kugirango – nkuko zibivuga - zihagarike ibikorwa by'iterabwoba.

al-Shabab yavuze ko nta murwanyi n'umwe yigeze itakaza.