OPCW: Siriya yatanze ibirwanisho vy'uburozi

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Ibirwanisho vy'uburozi vyo muri Siriya byimuriwe mu mato

Ikigo kijejwe gucungera ikoreshwa ry'ibirwanisho vy'uburozi kimenyesha ko ibirwanisho vy'uburozi vya Siriya vyari bisigaye vyajanywe hanze y'igihugu kugirango bisamburwe.

Ico kigo kijejwe gukumira ibirwanisho vy'uburozi kivuga ko ubwato bwari butwaye ivya nyuma muri ivyo birwanisho vya Syria, bwavuye ku kivuko ca Latakia.

Ivyo birwanisho bizosamburirwa mu bwato bunini bwateguwe mu buryo budasanzwe bwa Leta zunze ubumwe z'Amerika, buri ahantu mu kiyaga ca Méditerranée.

Ariko hari urwikekwe ko perezida Bashar al- Assad ashobora kuba aterekanye ubushobozi bwose bw'ibirwanisho vy'uburozi uko yari abitunze.