Intumwa ya ONU mu ruzinduko mu Burundi

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Ivan Simonovic aravuga ko u Burundi bwateye intambwe, ariko ko hakiri byinshi byo gukorwa

Icegera c’umunyamabanga mukuru wa ONU kijejwe agateka ka zina muntu cavuze ko cashimye intambwe u Burundi bugezeko nko mu kumvikana kw’itegeko rigenga amatora.

Ariko bwana Ivan Simonovic aranegura yivuye inyuma ingene uburenganzira bw’ikiremwamuntu buhonyangwa, harimwo kubabuza gushikiriza ivyiyumviro vyabo, kugira amanama hamwe n’imyiyerekano.

Mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru arangiza urugendo rw’iminsi 3 mu Burundi, bwana Simonovic yavuze ko ashima ko abicwa n’abajejwe umutekano badashikanywe imbere y’ubutungane bagabanutse.

Yanavuze kandi ko habaye n’umwumvikano ku banyapolitike mu gutegura amatora yo mu 2015, ariko yaneguye yivuye inyuma uko agateka ka zina muntu kifashe gushika ubu.

Aha akaba yashimitse cane kwiburabuzwa ry’abanyepolitike, amashirahamwe ata ho yegamiye muri politike hamwe n’abamenyeshamakuru.

"Ndatewe impungenge n’ingene agateka ko gushikiriza ico umuntu yiyumvira katubahirizwa, ako kugira amanama canke amakoraniro, ariko na cane cane amanama abera ku mugaragaro hamwe n’imyiyerekano nk’uko biri mw’itegeko rigenga amakoraniro", Simonovic abwira abanyamakuru.

Yongeyeho ati: "N’aho ukwicwa umuntu adashikanywe imbere y’ubutungane vyagabanutse, ndatewe impungenge n’ubundi bugizi bwa nabi bufatiye kuri politike. Ndasavye leta ko yokwubahiriza uburenganzira bwa kiremwa muntu na politike, kandi abaramutse babuhungabanije bagahanwa.”

Muvyo baganiriye n’abategetsi b’u Burundi kandi, ngo harimwo ikibazo c’umugwi ujejwe kumenyekanisha ukuri no kunywanisha abarundi.

Bwana Simonovic yavuze ko ari ngombwa ko impande zose ziserukirwa.