Igitero simusiga i Tikrit muri Irake

Abasirikare ba Irake bagiye gutera Tikrit iri mu buraruko Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abasirikare ba Irake bagiye gutera Tikrit iri mu buraruko

Igisirikare ca Irake kivuga ko catanguje igitero simusiga mu muji wa Tikrit uri mu buraruko wigaruriwe n'abarwanyi b'aba Suni.

Amakuru avuga ko ibihumbi vy'abasirikare bariko baregereza Tikrit, uwo muji ukaba waraguye mu minwe y'abarwanyi ba ki Islam bo mu mugwi Isis.

Haciye indwi zibiri abo barwanyi bigaruriye uwo muji co kimwe n'utundi turere twinshi two mu buraruko bwa Irake.

Mu minsi ibiri iheze, hagabwe ibitero vy'abasirikare ba leta ku nyubakwa za kaminuza, abo basirikare bakaba barashikanyweyo na za kajugujugu.