Abapolisi ba Israel bakekwa gukubita umunyapalestina

  • 5 Ukw’indwi 2014
Image copyright Reuters
Image caption Urupfu rwa Mohammad Khdeir rwateye akaguma muri Yelusalem y'ubuseruko

Urupfu rwa Mohammed Khdeir rwateye imigumuko muri Yerusalemu y'ubuseruko.

Umuryango wa Tariq Khdeir -asanzwe afise ubwenegihugu bwa Amerika- uvuga ko yakubiswe agatabwa muri yompi, imbere y'amaziko ya mwene wabo ku munsi wa gatanu.

Umuvugizi w'igipolisi ca Israel Mickey Rosenfeld, yabwiye BBC ko yari umwe mu bapolisi batandatu b'abanyapalestina bafatiwe mu migumuko.

Se w'uwo muhungu avuga ko atari muri yo.

Imigumuko yaciye ikwira mu bice vya Israel bibamwo abarabu, kuva aho bumviye ko Mohammad Khdeir yaturiwe abona.