Abashigikiwe n'Uburusiya bahunze Sloviansk

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ingabo za Ukraine mu modokari ya gisirikare hafi ya Sloviansk

Sloviansk ni kamwe mu turere two mu buseruko twifatiwe n'abarwanyi, bashaka kwiyonkora kuri leta ya Kiev.

Ntibizwi neza niba hari abarwanyi basigayeyo.

Leta ya Ukraine itangaza ko bamwe mu batasi bayo bamaze kwinjira muri Sloviansk.

Ariko aya makuru, nta ruhande ataho rwegamiye rurayemeza.

Mw'itangazo yatanze, perezida wa Ukraine Petro Poroshenko yasavye ko ibendera y'igihugu imanikwa ku kibanza gikuru c'umuji.

Umunyamakuru wa BBC ariyo, avuga ko hamwe Sloviansk yogaruzwa, yoba ari intsinzi ikomeye kuri leta ya Ukraine.