Uganda: Ibitero vyahitanye 58

Image caption Umusirikare wa Uganda ku kirindiro

Igisirikare kivuga ko mu bantu 58 basize ubuzima muri ivyo bitero, 41 bari abo barwanyi nyene, abandi 17 bari abanyagihugu basanzwe.

Ivyo bitero vyagabwe mu burengero bwa Uganda, hafi y'urubibe na Congo.

Igisirikare kivuga ko ivyo bitero vyatewe n'amatati hagati y'amoko adacana uwaka.

Ariko hari impungenge ko boba ari umurwi w'abarwanyi b'abanya Uganda uri muri Congo.

Ivyi bitero vyatumberejwe ku bajejwe umutekano mu turere twa Kasese, Ntoroko na Bundiburyo.

Umuvugizi w'igisirikare yamenyesheje ko ata sano bifitanye n'umurwi ADF, wigeze kuba uri mur'ako gace, harashize imyaka irenga 10.

Abarwanyi 17 bafashwe bakaba bariko barahatwa ibibazo mu gasho k'igipolisi.