Papa yasavye ikigongwe abahohotewe n'abapatiri

Papa Francis Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Papa Francis

Papa Francis yasavye ikigongwe abantu bahohotewe bakiri abana, n'abapotiri ba Ekleziya Gatolika.

Nyuma y'umubonana wa mbere yagiranye na bamwe mu bahohotewe kuva yatorwa, Papa yavuze ko guhohotera abo bantu vyahishwe n'ibigirankana.

Yavuze ko ishengero rigomba kurira kandi rigakosora ivyo ryakoze.

Abanyamakuru bavuga ko ari ubwa mbere Papa avuga uko, ku mahano yakozwe na bamwe mu bapatiri ba Gatolika.

Yakiriye iwe abantu batandatu bavuye muri Irlande, Ubwongereza hamwe n'Ubudage.

Papa Francis aramaze gushirako urwego ruzokwiga ku kuntu abana bokingirwa ababahohotera, hamwe no guhana abapatiri bakoze amakosa nk'ayo.