Ibisasu vya rokete bibandanya kugwa muri Israel

  • 9 Ukw’indwi 2014
Israel yateye ibibanza ijana muri Gaza mw'ijoro ryakeye Image copyright Reuters
Image caption Israel yateye ibibanza ijana muri Gaza mw'ijoro ryakeye

Ibisasu vya rokete vy'abanye Palestine bibandanya kugwa hagati muri Israel, mu gihe igisirikare ca Israel kivuga ko cateye ibibanze birenga ijana i Gaza mw'ijoro ryakeye.

Radiyo y'igisirikare ca Israel ivuga ko cahanuye rokete zitanu hafi ya Tel Aviv uno munsi.

Igisasu kimwe cari catewe mu muji wa Hadera, ku birometero ijana mu buraruko bwa Gaza, akaba ariho kure hashobora rokete imaze kuraswa gushika ubu.

Abajejwe amagara i Gaza bavuga ko umugabo umwe yishwe uwundi arakomereka igihe indege itagira umudereva ya Israel yarasa ipikipiki.

Abategetsi ba Palestine bavuga ko abantu bashika ijana aribo bamaze gupfa i Gaza kuva imirwano yatangura.