Gukura akajagari mu mashengero mu Burundi

  • 10 Ukw’indwi 2014
Imigwi yigisha injiri yarakwirakwiye hirya no hino mu gihe c'intambara
Imigwi yigisha injiri yarakwirakwiye hirya no hino mu gihe c'intambara

Inama nshingamateka y'u Burundi yatoye itegeko rigamije kugabanya igwirirana ry'amashengero mu gihugu.

Ubushakashatsi bwa leta mu mwaka uheze, bwasanze hari amashengero mato mato ashika amajana atanu na mirongo itanu n'indwi mu gihugu cose.

Itegeko rishasha ribwiriza buri shengero kugira abariyoboka bashika ku majana atanu, kandi rikagira inyubako ibushitse.

Imigwi yigisha injili yarakwirakwiye hirya no hino mu Burundi mu gihe c'intambara yaheze mu 2005.

Umunyamakuru wa BBC i Bujumbura yavuze ko iryo tegeko ryashigikiwe n'abashingamateka bose, kandi bikaba vyitezwe ko n'inama nkenguzamateka hamwe n'umukuru w'igihugu nabo baryemeza.