Ghana ngo nta mpamvu yo guhungira muri Brezil

Abarorerezi ba Ghana muri Brezil Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Abarorerezi ba Ghana muri Brezil

Leta ya Ghana ivuga ko impamvu zatumye abanye Ghana bashika hafi 200 bari bagiye kuraba umupira muri Brezil basaba ubuhingiro, zidafise ishingiro.

Abo banye Ghana bavuze ko ari aba Islam bahunze guhohoterwa kubera idini ryabo.

Leta yavuze ko ata ndyane nk'izo ziriho, ngo kandi Ghana ni kimwe mu bihugu vya mbere muri Afrika bifise amahoro.

Umukuru w'igipolisi mu muji wa Caxias da Silva Mel, aho abo banye Ghana basavye ubuhungiro, yavuze ko bashobora kuba bariko bararondera akazi muri iyo ntara, iri mu za mbere zikize muri Brezil.