Abasirikare 23 ba ukraine bishwe na rokete

Umusirikare wa leta ya Ukraine ku rubuga rw'imirwano Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Benshi mu basirikare ba Ukraine bishwe na rokete imwe

Umushikiranganji ajejwe kwivuga abansi wa Ukraine yavuze ko abasirikare mirongo ibiri na batatu bishwe abandi 90 garakomereka mu ntara ya Luhansk mu buseruko.

Benshi muri abo, bishwe n'igisasu kimwe ca rokete carashwe n'abarwanira kwiyonkora, begamiye ku Burusiya.

Abajejwe intwaro bavuga ko abarwanyi bakoresheje inkoho ya Glad itera rokeye nyinshi icarimwe, mu gitero cabereye hafi y'ikigwati ca Zelenopillya.

Umwe mu bategetsi yavuze ko ivyasambutse ari ikirenga ku buryo igitigiri c'abapfuye gishobora kwiyongera.

Umukuru w'igihugu wa Ukraine, Petro Poroshenko, yaciye yandika ku rubuga rwiwe ko buri rupfu rw'umusirikare ruzokwishurwa impfu amajana z'abarwanyi.