Israel: Intambara irakomeje muri Gaza

  • 15 Ukw’indwi 2014
i Gaza
I Gaza

Igisirikare cya Israel kiravuga ko cyongeye kugaba ibitero i Gaza ku mpirimbanyi z'abanyapalestine zo mu mutwe wa Hamas mu gihe gishaka guhagarika imirwano mu gace kaberamo imirwano.

Television yerekanye amafato agaragaza umwotsi uri hejuru y'i Gaza nyuma y'ibitero by'indege.

Israel yemeye umugambi wo guhagarika imirwano wateguwe n'abahuza bo mu Misiri ariko umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu yavuze ko igisirikare kiribwivune niba ibisasu bya rokete bikomeje guterwa n'abanyapalestine.

Israel yavuze ko hari ibisasu birenga 50 byatewe uyu munsi n'abanyapalestine.