Ukraine irega abayirwanya guhisha ibimenyetso

Abajejwe gutabara ba Ukaine bakura imivyimba mu kibanza impanuka yaberemwo Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ukraine ivuga ko abayirwanya bafashwa n'Uburusiya guhisha ibimenyetso

Leta ya Ukraine yagirije abayirwanya bashigikiwe n'Uburusiya, kuba bashaka kunyegeza ibimenyetso mu kibanza caguyemwo indege ya Maleziya.

Mu rwandiko, leta ya Ukraine yavuze ko abo yise abakozi b'iterabwoba, batwaye imivyimba miringo itatu n'umunanu mu buruhukiro bwo mu muji wa Donetsk.

Ukraine ivuga kandi ko abayirwanya bariko barabifashwamwo n'Uburusiya.

Gushika ubu, ari abarwanya Ukraine canke Uburusiya, nta n'umwe aragira ico avuga kuri ivyo vyagiriji vyo kunyegeza ibimenyetso.

Abantu bashika hafi amajana atatu barahasize ubuzima igihe indege ya Malaysian Airlines yasa nk'iyirashwe iri mu rugendo iva Amsterdam igiye Kuala Lumpur.