Ibitero vya Israel vyaraye bihitanye abashika 50

  • 20 Ukw’indwi 2014
Vyibazwa ko imivyimba y'abantu yaheze mu bihomoka
Vyibazwa ko imivyimba y'abantu yaheze mu bihomoka

Nyuma y'ijoro ry'ibitero vya mbere bikaze kuva Israel yatangura imirwano muri Gaza, abantu bashika mirongo itanu bishwe mu muhana umwe.

Abo bantu biciwe mu karere ka Shejaiya, mu buseruko bw'umuji wa Gaza, bikaba vyibazwa ko hari iyindi mivyimba yaheze mu bihomoka.

Ababibonye bavuga ko babonye ibiziga bishwiragiye hirya no hino mw'ibarabara.

Israel yemeye ivyasabwe na Hamas ko bohagarika imirwano amasaha abiri kugira abajejwe gutabara bashobore kuhashika.

Ibihumbi vy'abantu bari buzuye amabarabara bahunga n'amaguru canke buzuranye mu miduga.

Abantu bamaze kwicwa i Gaza ubu bamaze gushika hafi amajana ane.

Abanye Israel indwi nibo bamaze gupfa, harimwo abanyagihugu babiri.