Obama: Abarungitswe bahabwe uburenganzira

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Igice cy'indege ya Malaysia Airlines yaguye muri Ukraine

Perezida Obama yavuze ko Uburusiya butegerezwa gukoresha ububasha bufise ku barwanya ubutegetsi bwa Ukraine, kugirango bemere gukorana n'abarungitswe gutohoza kw'ikororwa ry'indege ya Malaysia Airlines.

Bwana Obama yasavye ko imirwi yarungitswe n'amakungu ihabwa uburengenzira bwo gushika aho iyo ndege yaguye ata nkomanzi, n'ibiziga vy'abahasize ubuzima bigatangwa.

Umushikiranganji wa mbere wa Malaysia, Najib Razak, yavuze ko ibice vy'indege bibika amajwi bita boites noires vyavuye muri iyo ndege biza gushikirizwa abaserukira Malaysia muri Ukraine mu masaha ari imbere.

Ngo yemeranije kandi n'abarwanyi gutanga ibiziga vy'abahasize ubuzima bikavanwa mur'ico kibanza.

Gari ya moshi imwe mu zashizwemwo ivyo biziga yamaze kuva mu gace ka Torez yerekeza mu muji wa Karkiv.