Indege ya Algeriya yazimiriye muri Sahara

  • 24 Ukw’indwi 2014
Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Hazimiye indege y' ikompanyi Air Algerie

Abantu barenga 116 nibo bari muri iyo ndege, abagera kuri 50 bakaba ari Abafaransa.

Leta y'Ubufaransa ivuga ko iyo ndege yazimanganye mu gatondo ka kare igeze hejuru y' uburaruko bwa Mali.

Ikirere iyo ndege iriko iraronderwamwo kiri hagati y'akarere ka Gao mu buraruko bushira ubuseruko na Tessalit mu buraruko.

Ako karere kakomeje kwizizirwa n'ikirere kibi mu masaha 24 aheze.

Imihari yishimikiza amategeko ya Islamu n'iyindi mirwi, irarwiriye ngaho muri Mali.

Ariko umwe mu bategetsi b'Ubufaransa yavuze ko adakeka ko yoba yakorowe.