Abarwanya Ukraine bahakanye gukorora MH17

  • 24 Ukw’indwi 2014
Alexander Borodei, umushikiranganji wa mbere wa DPR, ariko atanga ikiganiro ku banyamakuru

Alexander Borodai, umushikiranganji wa mbere w'akarere katangaje ko kigenga -Donesk People's Republic- yerekanye ko ibimenyetso vyatanzwe atari vyo.

Ariko mu kiganiro umugaba w'abarwanyi yatanze ku rundi ruhande, yemeje ko abo barwanyi bafise ico gisasu.

Abantu uko ari 298 bari muri iyo ndege MH17 bapfuye bose igihe iyo ndege yakororwa mu buseruko bwa Ukraine mu ndwi iheze.

Abarwanya ubutegetsi bwa Ukraine baratungwa agatoki ko ari bo barashe iyo ndege.

Abategetsi ba Kiev bavuga abo barwanyi barashe indege zibiri za gisirikare ku munsi wa gatatu.

Ibiziga vya mbere biramaze gushikanwa mu Buholande, aho benshi mu bari muri iyo ndege baturuka.

Ibindi biziga vyitezwe gushika uno munsi.