Abakuwe mu byabo n'imvura barasaba imfashanyo

Image caption Abakuwe mu twabo n'imvura i Bujumbura mu kwa 2 bamaze iminsi imbere y'ibiro by'umuhuza mu Burundi

Mu Burundi, imiryango irenga 60 y'abanyagihugu bateshejwe izabo n'imvura yisengenya mu kwa 2 k'uno mwaka, imaze iminsi igandagaje imbere y'ibiro vy'umuhuza w'abarundi.

Abo baturage bavugako leta y'u Burundi itegeze ibaronsa ivyo yabemereye igihe bakurwa mu bibanza bari begeranijwemwo.

Abo banyagihugu bavuga ko inzara n'indwara bibamereye nabi, ariko ngo ntibiteguriye kuhava ikibazo cabo kidatorewe inyishu.

Ku mpande zose z'ibarabara imbere y'irembo ry'ibiro vy'umuhuza w'abarundi hagati mu gisagara ca Bujumbura ubona intekera z'ibintu, harimwo ivyo baryamako, abagabo bicaye mu turwi baganira, abakenyezi nabo bamwe baryamye hasi ku ma carato abandi bicaye ubona ko bumiwe.

Ugishika aha imbere y'ibiro vy'umuhuza wakirwa n'umunuko udasanzwe n'urusazi ruduma.

Abo banyagihugu bavuga ko ubu indwi 2 zigiye gukwira bari ngaha, aho hatanguye kwibonekeza n'indwara zitandukanye.

Mu biro vy'umuhuza w'abarundi babwiye BBC ko ushinzwe ico kibazo afatiriwe n'ayandi mabanga.

Naho umuvugizi w'ubushikiranganji bw'ugushigikirana yishuye BBC ko ataco ashobora gushikiriza muri uno wanya.

Amezi 6 araheze haguye imvura yisegenya mu duce turi mu gisagara ca Bujumbura, igahitana abantu barenga kuri 70 n'abagera ku 180 bahakomerekeye n' ibihumbi 10 basigaye batagira aho bakika umusaya.