Ebola ikomeje gukwirakwira henshi

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Mu murwa mukuru wa Sierra Leone ahashakishwa umuntu wanduye ebola wavuye mu bitaro

Ikiza ca ebola kimaze igihe kiyogoza uburengero bwa Afrika, kimaze gushikira umurwa mukuru wa Sierra Leone, Freetown.

Abategetsi bavuga ko hari umukenyezi w' imyaka 32 yasuzumwe uwo mugera, yavanywe aho yari asanzwe ari mu bitaro.

Hakwiragijwe ubutumwa ku ma radiyo, nk'imburi ku bari mu muji bose ko hari impungenge ko uwo murwayi ashobora kwanduza abandi, baraba basabwa gufasha mu gukurikirana aho yoba ari.

Birakekwa ko ico kiza ca ebola kimaze kwivugana abantu 660 muri Guinee, Liberiya na Sierra Leone, coba kimaze gutandukira Nigeriya.

Aho muri Nigeriya hari umunyaLiberia yapfuye akiriko arapimwa icoba camuteye gutakaza amaraso menshi hamwe n'ubushuhe, aca acikanira mu bitaro.

Ibipimo vyiwe ariko ntibiraboneka.