Muri Gaza hamaze kwicwa 200 kuva ejo

  • 2 Ukw’umunani 2014
Image copyright Reuters
Image caption Ahashenywe n'ibitero muri Gaza

Ibisasu vyinshi vyarashwe mu gace ka Rafah, aho Isirayeli yikeka ko umusirikare wayo yoba yaranyururijwe n'abarwanyi b'umuhari Hamas.

Ibitaro bikuru vyimuwe kubera intambara.

Abarwanyi ba Hamas nabo bakomeje kurungika ibisasu muri Isirayeli.

Intambara zirakomeza n'aho hari hateganijwe ibiganiro mu Misiri.

Perezida wa Misiri Abdel Fattah Al Sisi, yavuze ko akigoro k'igihugu ciwe ko kwongera gushaka kumvikanisha impande zirwana gutanga agahengwe, ari akaryo keza ko guhagararika amaraso akomeza guseseka.

Intumwa z'Abanyapalestina zitezwe gushika iCairo, ariko ntibizwi niba Isirayeli nayo irungika abayiserukira uyu munsi.