Nyamugigima yahitanye abantu 360 mu Bushinwa

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abajejwe gutabara bahetse umuntu yakomeretse kubera nyamugigima

Ubu hari ibikorwa vy'ubutabazi muri iyo misozi, aho amazu menshi yabomotse, umuyagankuba uracika n'amabarabara aranonekara.

Umwe mu baba muri utwo duce avuga ko amabarabara yaho asigaye asa n'urubuga rw'intambara.

Abasirikare n'abandi batabazi barungitswe muri iyo ntara.