Ibitero vya Isirayeli kw'ishure rya ONU muri Gaza

  • 3 Ukw’umunani 2014
Igisasu caguye mu rwinjiriro rw'ishure rya ONU

Ababibonye bavuga ko igisasu co mu bwoko bwa "missile" caguye hafi y'irembo ry'iryo shure ry'ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Nta kajambo uruhande rwa Isirayeli rurashikiriza kuri ico gitero co mu muji wa Rafah.

Mw'ijoro ryakeye, ingabo za Isirayeli zagavye ibitero 13, ubushikiranganji bw'amagara y'abantu mu karere ka Gaza bukamenyesha ko vyahitanye abantu 30.

Igisirikare ca Isirayeli ubwaco kivuga ko Abanyapalestina nabo bateye ibisasu vyo mu bwoko bwa "rocket" ku butaka bwa Isirayeli uno munsi gusa.

Uno munsi niho Isirayeli ishingura umusirikare wayo yari yaketse ko yanyurujwe na Hamas, mu nyuma agatorwa yapfiriye ku rugamba.

Hagati aho intumwa z'Abanyapalestina zashitse mu Misiri mu biganiro biteganywa ku kibazo co guhagarika intambara muri Gaza, ariko Isirayeli ntawe iteganya kurungika.

N'icegera c'umushikiranganji w'imigenderanire wa Leta zunze Ubumwe za Amerika, William Burns, yari yitezwe kuja Cairo ntakigiye.

Eka n' intumwa y'akarere k'uburasirazuba bwo hagati Tony Blair nawe yasivye.