Mu Ruhango umuryango w'abantu 6 warishwe

  • 3 Ukw’umunani 2014
Image caption Abantu 6 bo mu muryango umwe bagandaguwe mu Ruhango bashinguwe

Ico abo bantu bagandaguwe boba barazize n'ababikoze ntibiramenyekana, ariko bikekwa ko boba barishwe ku munsi wa kane.

Umuvugizi wa polisi mu ntara y'amaj'epfo, Supertendent Hubert Gashagaza yabwiye BBC ko hamaze gufatwa abantu batanu bakekwako uruhara muri ubwo bwicanyi.

Hari ibivurwa ko buno bwicanyi bushobora kuba bwaturutse ku matati hagati y'ababanyi.

Ababanyi bavuga ko baheruka kubona abo muri uwo muryango hanze ku munsi wa kane, kandi ko kuva ico gihe ibitungwa vyabo vyakomeje kwabirira kugasozi.

Ejo niho urupfu rwabo rwamenyekanye, ibiziga vyabo vyatowe mu nzu.

Umugabo nyene uyu muryango ari muri babiri barokotse ubwo bwicanyi.

Yari asanzwe ari mw'ibohero, aho apfungiwe kubera yagiriwe n'icaha co guturira urugo rw'umubanyi wiwe.

Uyu munsi yahawe umwanya, aza gushingura umuryango wiwe ariko yasubijweyo.

Uwundi yarokotse n'umwana wiwe w'umuhungu yari yagiye iKigali ku munsi wa gatatu gushaka akazi, akaba ngo n'ubu ataraboneka.

Ubuyobozi buvuga ko bukomeza kurondera uwo muhungu kugez'ubu atashoboye kuboneka ngo ashingure abiwe.