Guhagarika imirwano i Gaza vyongeye kwanka

  • 4 Ukw’umunani 2014
Inzu yasambuwe n'ibisasu vya Israel
Image caption Inzu yasambuwe n'ibisasu vya Israel

Abanye Palestine n'abanye Israel bagirizanye kurenga kw'ihagarikwa ry'imirwano i Gaza ryagomba kumara amasaha indwi kugira hatabarwe abaremvye.

Israel yonyene niyo yari yatangaje iryo hagarikwa ry'imirwano ry'umwanya muto, ariko rikaba mu bice bimwe gusa vya Gaza.

Abanye Palestine bavuga ko imirwano imaze guhagarara, umukobwa w'imyaka umunani yishwe abandi bantu barenga mirongo ibiri barakomereka igihe Israel yatera ibisasu inkambi y'impunzi iri mu buraruko bwa Gaza.

Israel ivuga ko abarwanyi bateye ibindi bisasu vya rokete muri Israel.

I Jerusalem, umugabo w'umunye Israel yishwe igihe ikiduka gikoreshwa mu kwimba cahitana ibisi, igipolisi ca Israel kikavuga ko ari igikorwa c'iterabwoba.