Israel yasubukuye ibitero muri Gaza

Israel ngo izohagarika ibitero muri Gaza ari uko umutekano ugerutse muri Israel Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Israel ngo izohagarika ibitero muri Gaza ari uko umutekano ugarutse muri Israel

Israel yabandanije ibitero i Gaza ukuri kwamye, nyuma y'aho ihagarikwa ry'imirwano ry'amasaha indwi mu bice bimwe rihereye.

Umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu, yavuze ko ibikorwa vya gisirikare bizobandanya gushika umutekano ugarutse muri Israel.

Naho imirwano yasa n'iyahoshe kare, abanye Palestine bagirije Israel kuba itubahirije ihagarikwa ry'imirwano.

Ngo yateye ibisasu mu nkambi y'impunzi iri mu buraruko bwa Gaza, hapfa umugore umwe n'umwana w'imyaka umunani.

Israel yavuze ko abarwanyi babandanije gutera ibisasu vya rokete muri Israel.