Umunsi wa kabiri w'inama ya Afrika na Amerika

Obama atangaza ko Amerika igihe gushora imiriyaridi 14 z'ama dollar muri Afrika Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Obama atangaza ko Amerika igihe gushora imiriyaridi 14 z'ama dollar muri Afrika

Inama hagati y'ibihugu vyo muri Afrika na leta zunze umwe za Amerika itandukiye umunsi ugira kabiri, hakaza kwibandwa ku butunzi.

Umukuru w'igihugu Barack Obama, araza kumenyesha ko abagwizatunga bo muri Amerika, biteguriye gushora imiriyaridi cumi na zine muri Afrika.

Abakuru b'ibihugu mirongo itanu bo muri Afrika bari i Washington mu manama azomara iminsi itatu.

Abateguye iyo nama bavuga ko umugabane wa Afrika ari co kibanza kiri mu kuberamwo ukwiyongera kw'ubutunzi gukomeye, mu gihe uwo mugabane usanzwe ufise ubutunzi kamere butarakorwako.

Ariko abihweza utuntu n'utundi bavuga ko Amerika yasizwe kure n'Ubushinwa muri Afrika, iyo nama ngo ikaba igamije kugerageza gushikira Ubushinwa.