Muri Kenya bafashe umu "Al-Shabaab"

  • 6 Ukw’umunani 2014
Abapolisi ba Kenya igihe c'igitero ca Al Shabaab i Nairobi Image copyright Reuters
Image caption Police ya Kenya yibaza ko yafashe umurwanyi wa Al Shabaab

Igipolisi muri Kenya kivuga ko cafashe umuntu akekwa kuba ari uwo mu mugwi w'abarwanyi wa Al Shabaab i Nairobi.

Bivugwa ko uwo mugabo yaje ku murwa mukuru wa Kenya kugira yivuze.

Abanyamakuru b'abanye Somali bavuze ko yitwa Hassan Hanafi, akaba yarahoze ari umunyamakuru.

Ngo akekwa kuba yarishe abandi banyamakuru i Mogadishu.

Mu myaka itatu iheze, abanyamakuru b'abanye Somalia barenga mirongo ibiri barishwe.

Abajejwe umutekano muri Somalia bavuga ko uwo mugabo yafashwe, yitiranijwe.