Urubanza rwa Pistorius ruri ku mpera

Umunonotsi Oscar Pistorius muri sentare Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ubushinjacaha buvuga ko Pistorius ata kuri na kumwe yigeze avuga

Ubushinjacaha mu rubanza rw'umunonotsi w'umunye Afrika y'epfo, Oscar Pistorius, bwavuze ko ata kuri na kumwe kuri mu vyo yavuze.

Mu mburano za nyuma, umushinjacaha, Gerrie Nel, yavuze ko bwana Pistorius yishe uwari umukunzi wiwe, Reeva Steenkamp n'ibigirankana, ari muhira iwe i Pretoria mu mwaka uheze.

Bwana Nel yiyamirije ukwisigura kw'abahagarariye uwuregwa, bavuga ko uwo munonotsi yarashe umupfasoni Steenkamp amwitiranije n'umuntu yabinjiranye munzu.

Umushingwamaza wa Pistorius nawe azoshikiriza imburano ziwe zanyuma.