Abakristu barahunga Qaraqosh muri Irake

Abarwanyi ba Islamic State i Qaraqosh Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abakristu bahunze Qaraqosh imaze gufatwa n'abarwanyi ba IS

Ibihumbi vy'Abakristu bahunze umuji wa Qaraqosh, wa mbere utuwe n'Abakristu benshi mu buraruko bwa Irake, umaze gufatwa n'abarwanyi ba Islamic State, IS.

Abarwanyi ba ki Islam b'umugwi IS bigaruriye uwo muji abarwanyi b'aba Kurd bamaze kuwuvamwo.

Musenyeri mukuru waho yabariye BBC ko abo barwanyi bafashe iyindi miji itari mike.

Yagirije abo barwanyi kuba basahura ibice Abakristu bamaze imyaka ibihumbi bibiri babamwo.

Papa Francis yasavye ko amakungu agira ico akora mu guhagarika ico yise amahano ku kiremwa muntu.