Israel yabandanije ibitero kuri Gaza

Imirwano yasubiriye i Gaza Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Imirwano yasubiriye i Gaza

Israel yabandanije ibitero kuri Gaza mu gusubiza ibisasu vyatewe na Hamas, ikiringo c'ihagarikwa ry'imirwano giheze.

Abajejwe intwaro muri Palestine bavuga ko ibitero vya Israel vyishwe umwana w'umuhungu hafi y'umusigiti i Gaza, bikomeretsa n'abandi benshi.

Gaza kandi yarashwe hakoreshejwe ibiduga hamwe n'abato vy'ingwano.

Muri Israel, abantu babiri bakomerekejwe n'igisasu ca rokete.

Ibiganiro hagati y'abanye Palestine na Israel bihagarikiwe n'abategetsi ba Misiri, vyaheze ata mwumvikano ushitsweko.

Israel kandi yavuze ko ata bindi biganiro bizoba mu gihe ibitero vy'ibisasu vya rokete bikibandanya.