MONUSCO ivuga ko FDLR ikwega ibirenge

Umukuru wa Monusco, Martin Kobler Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Martin Kobler avuga ko FDLR izoshirwako igitsure ca gisirikare

Umugwi wa ONU uhagarariye amahoro muri republika iharanira demokrasi ya Kongo, MONUSCO, uvuga ko FDLR idindiza gushira ibirwanisho hasi.

Umukuru wa MONUSCO, Martin Kobler, avuga ko abagaba ba FDLR birengagije intumwa zaje kuganira nabo kuri ico kibazo.

Inama y'i Luanda mu kwezi kwa gatandatu hagati y'ishirahamwe ry'ibihugu vy'ubumanuko bwa Afrika, SADEC , n'inama y'ibiyaga binini, CIRGL, yahaye FDLR amezi atandatu ngo ibe yashize hasi ibirwanisho.

Umugambi wa leta ya Kongo wategekanya ko FDLR ishira abasirikare bayo mu nkambi zibiri ziri muri Kivu, bakimurirwa mu nkambi y'agateganyo i Kisangani mu kurindira iyindi nyishu.

Kongo yari yahaye FDLR iminsi mirongo ibiri n'ibiri ngo ico gikorwa kibe carangiye.

Ariko kuva aho inama y'i Luanda ibereye, bwana Kobler avuga ko FDLR yabifatiyeho mu kudindiza igikorwa co gushira hasi ibirwanisho ku gushasha.

Bwana Kobler avuga kandi ko amateka yerekanye ko kugira wake ibirwanisho ibimigwi ivyitwaje, uvanga igitsure ca gisirikare hamwe na politike.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption FDLR ivuga ko gushira ibirwanisho hasi bidasigura gutsindwa

Inama ya SADEC na CIRGL, ngo yaremereye MONUSCO ko ishobora gushiramwo inguvu za gisirikare ibintu nivyakomeza kudindira.

Nta kudindiza ibintu kuriho

FDLR ariko yoyo ivuga ko ata kudindiza ibintu iriko irakora, ngo kuko gushira hasi ibirwanisho ari iciyumviro cayo.

Umuvugizi wa FDLR, Laforge Fils Bazeye, yabariye BBC ko gushira ibirwanisho hasi kwa FDLR bitagomba gufatwa nko kuneshwa.

Ngo ni intambwe yo guheba imirwano, bagafata inzira ya politike, ngo kandi uwo mugambi uracakomeza.

Bwana Bazeye yavuze kandi ko leta ya Kigali igomba gufungura inzira y'ibiganiro, FDLR ikandikwa mu Rwanda nk'ishyaka rya politike.