Imiti ya Ebola ikigeragezwa ishobora gukoreshwa

Uwufise ububasha kw’isanamu Science Photo Library
Image caption Imiti ikigeragezwa kuri Ebola ishobora gukoreshwa ku bantu

Abantu barenga 1000 nibo bamaze guhitanwa n'ikiza ca Ebola co muri kino gihe mu burengero bwa Afrika.

Uwo murwi wa OMS uvuga ko mu bihe nk'ibi, gutanga urucanco canke imiti ikiri mw'igerageza, bidateye kubiri n'amategeko yubahiriza umwuga, n'ubwo akamaro kayo canke ingaruka bitaba biramenyekana neza.

Abanyamerika babiri b'abagiraneza bariko baravuzwa umuti wa Ebola ukiri ku rugero rw'igeragezwa.