Patiri Miguel Pajares yahitanywe na Ebola

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Patiri Miguel Pajares yajanywe muri Espagne mu minsi iheze amaze gufatirwa mu muji wa Monronvia

Patiri Miguel Pajares yariko avugwa hakoreshejwe umuti ukiriko irakorwako ubushakashatsi.

Yanduriye indwara ya Ebola mu bitaro vyo muri Liberia, mu muji wa Monronvia, aho abandi bakozi babiri bamaze gupfa.

Uwo mupatiri w'imyaka 75 yariko avurwa hakoreshejwe imiti yakorewe muri Amerika, ZMapp, mu bitaro biri i Madrid, aho yashikanywe avuye muri Liberia.