HRW irega ingabo za Misiri ubwicanyi

Image caption Abagiye mu myiyerekano ishigikiye Morsi mu 2013

Ubwo bwicanyi bwatota abari mu myiyerekano mu mwaka uheze, bari bashigikiye Mohammed Morsi yahoze ku butegetsi muri ico gihugu.

Mu cegeranyo c'ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu HRW, rivuga ko abantu batari munsi y'amajana mumani biciwe mu kibuga ca Rab, kw'italiki 14 z'ukwa munani mu mwaka uheze.

HRW ivuga ko ubwo bwicanyi butavangura, bushobora gufatwa mu rugero rw'icaha co mu ntambara.

Iryo shirahamwe risaba ko abategetsi ba Misiri bashirwa imbere y'ubutungane.

Leta ya Misiri yo ivuga ko ico cegeranyo ari kibi kandi kigaragaza ko iri shirahamwe rifise uruhande rihengamiyeko.