Impunzi zagomye mu misozi mu buraruko bwa Iraq

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Abo mu miryango y'aba Yazidi bahungiye mu misozi y'uburaruko bwa Iraq

Abo bantu bahunze imirwi y'abarwanyi bishimikiza amategeko ya ki islamu.

Ishirahamwe ONU rivuga ko imiryango y'abahungiye ku musozi wa Sinjar, batagira infungurwa, amazi canke aho bakika umusaya.

Kajugujugu y'igisirikare ca Iraq yari yagiye gutabara umurwi w'aba Yazidi, yakorotse, ihitana umudereva.

Umunyamakuru wa BBC ari ku rubibe na Syria avuga ko yabonye abo ba Yazidi bakomeza kuja ari benshi ku rubibe.

Avuga ko yabonye abana barimwo n'abakiri ku ibere baryamye ku ibarabara, barushe ikandi bishwe n'inyota ku buryo badashobora kuvuga canke no kurira.