Kenya ngo ifise ivyago vyo kwandura Ebola

Image caption Umugera wa Ebola gushika ubu nta muti wawo uremezwa

OMS ivuga ko Kenya igaragaza ivyago vyo gutandukirwa na Ebola, kuko ari ihuriro ry'amayira menshi y'ingendo zerekeza mu burengero bwa Afrika.

Kubera ikiza ca Ebola kandi, leta y'Ubudagi yasavye abanyagihugu bayo, kiretse abakora mu vyo ubuvuzi, kuva muri Guinee, Liberia na Sierra Leone aho ikiza ca Ebola gikaze cane.

Abantu barenga igihumbi baramaze guhitanwa na Ebola muri ivyo bihugu vya Afrika y'uburengero.