Infashanyo y'Uburusiya izosuzumwa na Ukraine

  • 15 Ukw’umunani 2014
Image caption Imwe mu modokari z'Uburusiya zagemuye infashanyo

Umunyamakuru wa BBC ariyo, avuga ko ibintu bitarasobanuka, ariko bisa n'aho leta ya Ukraine n'iyo Uburusiya zashitse ku mwumvikano ku buryo iyo nfashanyo izosuzumwa imbere yo gutangwa.

Avuga ko vyitezwe ko abategetsi ba Ukraine bashobora kwemererwa gusuzumira iyo ngemu ku butaka bw'Uburusiya.

Leta ya Ukraine yikeka ko Uburusiya bushobora kwitwaza kujana izo nfashanyo, kugira bubone uko bwinjiza abaja gufasha abarwanya leta mu buseruko bwa Ukraine.

Ivyo ariko Uburusiya bwakomeje kuvuga ko bitagira ifatiro.