Aba Yazidi ngo n'ubu baracakeneye gufashwa

Uwufise ububasha kw’isanamu reuters
Image caption Impunzi za Iraq zari zagiye mu misozi ya Sinjar

Aba Yazidi benshi bari mw'ikambi y'agateganyo hafi y'urubibe na Syria, babwiye BBC ko n'ubu bakigeramiwe n'ubwicanyi bw'itsembabwoko bw'abo mu murwi " Islamic State".

Abenshi mu bagabo bavuga ko bafatiweko inkoho ku mutwe bategekwa kuja mw'idini rya Islamu.

Umugore w'umurwanyi w'umu "Kurde", yari kumwe n'aba Yazidi igihe bamanuka umusozi wa Sinjar, yafashije kumanuka abari bishwe n'inyota n'uburuhe.

Hagati aho umukuru w'ikirenga w'idini rya islamu, Ayatollah Ali al-Sistani, yavuze ko igihe barimwo co gutora umushikiranganji wa mbere ari akaryo keza ko kurangiza ibibazo vya politike n'umutekano muri Iraq.

Ivyo abivuze inyuma y'aho Nouri al-Maliki amariye gutanga imihoho ku ntebe y'umushikiranganji wa mbere, akavuga ko ashigikiye Haider al-Abadi yagenywe kumusubirira.