Ubudage bwoba bwarasumye urusaku kuri Clinton

Hilary Clinton Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abadage ngo boba barumvirije telefone ya Hilary Clinton

Ibitangazamakuru vyo mu Budage bivuga ko ibiro bijejwe iperereza muri ico gihugu vyumvirije vyibura rimwe telefone ya Hilary Clinton.

Uwo mupfasoni yahoze ari umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa leta zunze umwe za Amerika.

Ayo makuru, avuga ko ivyo biri mu nyandiko zahawe abanye Amerika n'uwahoze akorera ibiro vy'Ubudage bijejwe iperereza.

Uwasubiriye Hilary, John Kerry, bivugwa ko yaganiriye na mugenzi we w'Ubudage, Frank-Walter Steinmeier, kuri ico kibazo.

Abanyamakuru bavuga ko ivyo bishobora gukoza isoni Ubudage nyuma y'aho bwifatiye mu gahanga abajejwe iperereza ba Amerika ku kuba baranetse umushikiranji wa mbere Angela Merkel.