Papa yiyamye abapatiri babaho nk'abakire

Papa Francis muri Korea y'epfo Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Papa Francis yagize abahirwe abanye Kore barenga ijana bishwe bazira ukwemera kwabo

Papa Francis yahamagariye abapatiri ba Gatolika kwicisha bugufi, avuga ko abigisha ubukene bakabaho nk'abakire bonona isura y'ishengero.

Papa asanzwe ari mu rugendo muri Korea y'epfo, yabivugiye mu kigo kivura abamugaye catangujwe n'abapatiri haciye imyaka mirongo itatu.

Mu vyagaragaye nko kwiyamiriza gukorora inda, yanasengeye ku cibutso cahariwe inda zakorowe.

Kare ku murwa mukuru Seoul, Papa Francis yasomye inkuka y'imisa imbere y'isinzi ry'abantu.

Yanagize abahirwe abanye Korea ijana na mirongo ibiri na bane biciwe ukwemera kwabo ubu haciye imyaka ijana.