Abakurde muri Irake bari mugufata urugomero

Abajejwe umutekano b'Abakurde bihweza ibirindiro vya IS Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abasirikare b'Abakurde bemeza ko bimirije kwaka urugomero IS.

BBC yabwiwe n'Abakurde bo muri Irake ko abasirikare babo, bafashijwe n'indege za Amerika, bateye intambwe barwanya IS.

Bariko baragerageza kwaka abarwanyi ba Islamic State, canke IS, urugomero rukomeye bigaruriye ruri mu muji wa Mosul.

Bavuga ko igitero cabo catanguye mu gitondo ca kare, nyuma y'umunsi w'ibitero vy'indege z'ingwano za Amerika.

Ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe kwivuga abansi buvuga ko imiduga y'ingwano ikoreshwa na Islamic State yasambuwe.

Ngo hasambuwe kandi ibikoresho vya Amerika IS yambuye igisirikare ca Irake.

Abasirikare b'Abakurde bariko baregera imbere baciye mu buseruko bw'ikiyaga inyuma y'urugomero, bakaba bafashe umuji mutoyi uhari utuwe n'Abakristu.

Mu ndwi iheze abarwanyi bigaruriye urwo rugomero ruri ku kiyaga Tigris, ruha umuyagankuba uburaruko bwa Irake.