Uruhagarara i St Louis kubera iraswa ry'Umwirabura

  • 17 Ukw’umunani 2014
Uruhagarara i Missouri Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Uruhagarara i Missouri

Uruhagarara rwabandanije mu gice c'umuji wa St Louis utuwe n'Abirabura benshi muri leta zunze umwe za Amerika.

Ibi bikurikiye iraswa mu ndwi iheze ry'umwana w'umwirabura atari afise ikirwanisho, yarashwe n'abapolisi.

Abigaragamvya hamwe n'abasahuzi, birengagije umukwabu washizweko i Ferguson.

Igipolisi kivuga ko umuntu umwe yarashwe agakomereka cane kandi umuduga w'abapolisi warashwe.

Abapolisi bakoresheje ivyuka bikoroza amarira hamwe n'imyotsi mu gukura abantu mw'ibarabara.

Abantu indwi bafashwe bitewe n'uko banse kuva mw'ibarabara.

Umupolisi yarongoye ivyo bikorwa yavuze ko vyari bikenewe kugira ntihagire abandi bahasiga ubuzima.