Umusore yarashwe Missouri yagemwe henshi

  • 18 Ukw’umunani 2014
Image caption Iraswa ry'umusore wo muri Missouri ryateye imigumuko

Bavuga ko rumwe mu masasu yagemye uwo musore Micheal Brown, rwaciye mu mutwe.

Ibi ngo bisobanura ko bwana Brown yari ahengamye kanke yariko ararwa atera aja imbere.

Umwe muri abo bashakashatsi Shawn Parcells, yavuze ko urundi rusasu rwamuciye munsi y'inkokora.

Ivyo ngo bigaragaza ko yoba yari amanitse ukuboko canke ariko aragenda.

Mu buryo butari bumenyerewe, umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki Moon, yasavye abategetsi ba Amerika kwisunga amategeko y'igihugu cabo n'amategeko mpuzamakungu mu guhosha imyiyerekano.