Ebola imaze kwandukira 12 muri Nigeria

Image caption Bariko bambara ibibafasha kwikingira kwandukirwa na Ebola mu gihe bari hafi y' umurwayi

Igitigiri c'acafashwe na Ebola cari kuri cumi mu ndwi iheze muri Nigeria.

Itangazo ryavuye mu bushikiranganji bw'agara y'abantu rimenyesha ko abantu 189 bo mu muji munini wa Lagos, n'abandi 6 bo mu muji wa Enugu bakwikiranirwa hafi.

Umugera wa Ebola umaze guhitana abantu barenga igihumbi muri Guinee, Sierra Leone na Liberia kuva ico kiza giteye mu kwezi kwa gatatu.

Abantu bane nibo bamaze kwicwa na Ebola muri Nigeria, inyuma y'aho izaniwe mu muji wa Lagos n'umugabo yaturutse muri Liberia mu kwezi guheze.