Ubuzima bw'abana bo mw'ibohero rya Muhanga

Image caption Abana bo mw'ibohero rya Muhanga bapfunganywe na ba nyina.

Mu mategeko y'Urwanda, umwana ntashobora gutandukanywa na nyina, kugeza akwije imyaka itatu.

Umupfasoni Eugenie Musayidire yafashe icemezo co kwita kuri abo bana mu gihe co kumurango, akabasubiza ba nyina bugorovye.

Avuga ko yabonye akana kari kumwe na nyina igihe kimwe agendeye ibohero, bimutera kwibaza ico yokora, amaze gusaba ubuyobozi bw'ibohero kuja kuramutsa abana asanga ni benshi.

Yamaze igihe abatwara hanze gato, akongera akabagarukana, kuko batabona akaryo ko kubona hanze y'ibohero.

Mu nyuma uyo mukenyezi yafashe ingingo yo kurondera ikibanza abo bana birirwamwo kugeza bugorovye, kugira aho gupfungwa bagire ubuzima buja kumera nk'ubwo abandi bana.

Iki gikorwa gifasha abana kubonana n'abantu bo hanze, kandi vyabafashije kumenyera ubuzima busanzwe, no kwikuramwo ubwoba.

Mu bajanwa hanze y'ibohero harimwo n'abakiri ku ibere, iyo bakeneye konka ababarera barabasimbana mw'ibohero, bamaze konka bakabagarura mu kigo barererwamwo.

Abo bana iyo bamaze gukwiza imyaka itatu, ngo biragorana kuronka ababitaho kugirango bavane n'ubwo buzima bw'ibohero.