Iyicwa rya James Foley ngo ryumije amakungu

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Umunyamakuru James Foley yari yanyurujwe muri Aleppo mu 2012.

Bwana Obama yavuze ko ata Mana nyakuri ishobora gushigikira ivyo bakoze, kandi ko ivyiyumviro bagenderako vyataye agaciro, ndetse bitagira ikibanza muri kino kinjana ca 21.

Yavuze ko Leta zunze Ubumwe za Amerika zizobandanya gukora ibikenewe vyose mu gukingira abanyagihugu bayo.

Kare, Ubufaransa bwari bwavuze ko ibihugu bitanu ntayegayezwa mu nama y'umutekano kw'isi, kimwe n'ibindi bihugu vyo mu karere birimwo Iran, bikwiye kugira uruhara mu rugamba rwo kurwanya IS.

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza David Cameron yavuze ko bitera bigaragara ko uwaciye umutwe James Foley ashobora kuba afise ubwenegihugu bw'Umwongereza.

Abajejwe iperereza ngo bariko barakora mu ntumbero yo kumenya uwabikoze uwo ariwe.

Bwana Cameron yaciriye hagati akaruhuko kiwe agaruka iLondres, yabwiye abanyamakuru ko ubwicanyi bwakorewe uwo munyamakuru ari ubunyamaswa.

Ariko ngo ntibikwiye gutuma abantu bahababuka ngo bakore ivyo batiyumviriye.

Yavuze ko hari abantu benshi bavuye mu Bwongereza baja kurwana muri Syria na Iraq, ariko ngo hazokorwa ibishoboka kugira ntihagire abiyongera ku bagiye.