Ukraine: Abasirikare b'Uburusiya bafashwe

Abasirikare b'Uburusiya bafashwe Uwufise ububasha kw’isanamu UKRAYNA SAVUNMA BAKANLIGI
Image caption Abasirikare b'Uburusiya bafashwe

Uburusiya buravuga ko abasirikare babwo 10 bafashwe muri Ukraine bambutse umupaka batabigambiriye.

Moscow ivuga ko abo basirikare bakoraga ibikorwa by'ubugenzuzi ahantu hatari umupaka ugaragara baza gufatirwa ku butaka bwa Ukraine.

Ukraine yo iravuga ko abo basirikare bafashwe bagiye mu butumwa bwihariye kandi ko bafatiwe mu bilometero 20 uvuye ku mupaka w'Uburusiya.

Television ya Ukraine yerekanye video y'abo bantu bivugira ko bari boherejwe muri Ukraine.

Umwe muribo Sergeant Andrei Generalov yavugaga ngo "hagarika kongera kwohereza abahungu bacu, iyi si intambara yacu", uwundi witwa Ivan Milchakov we yavugaga ngo " twaje hano nk'ibikoresho".